Русские видео

Сейчас в тренде

Иностранные видео


Скачать с ютуб Umuvyeyi wa NESTORY IRANKUNDA, yamaze gusinyira gukinira BAYERN MUNICH, atubwiye vyinshi turati tuzi в хорошем качестве

Umuvyeyi wa NESTORY IRANKUNDA, yamaze gusinyira gukinira BAYERN MUNICH, atubwiye vyinshi turati tuzi 6 месяцев назад


Если кнопки скачивания не загрузились НАЖМИТЕ ЗДЕСЬ или обновите страницу
Если возникают проблемы со скачиванием, пожалуйста напишите в поддержку по адресу внизу страницы.
Спасибо за использование сервиса savevideohd.ru



Umuvyeyi wa NESTORY IRANKUNDA, yamaze gusinyira gukinira BAYERN MUNICH, atubwiye vyinshi turati tuzi

Yitwa NESTORY IRANKUNDA. Yabonye izuba ku wa 9 Ruhuhuma 2006, akaba yavukiye mu nkambi y'impunzi ya NDUTA iri mu ntara ya Kigoma, Komine Kibondo mu gihugu ca Tanzania. NESTORY avuka ku bavyeyi bompi b'abarundi Gideon na Dafroza. NESTORY yimukiye mu gihugu ca Australia hamwe n'umuryango wiwe akiri umwana muto cane w'amezi atatu gusa. Yabaye mu gisagara ca Perth, mu ntara ya Western Australia hanyuma yimukira muri Adelaide mu ntara ya South Australia. NESTORY yakiniye imigwi itandukanye hano muri Adelaide nka Northern Wolves, Parafield Gardens, Adelaide Croatian Raiders, imbere yo gusinyira umugwi wa Adelaide United ukina muri Shampiyona nkuru y'igihugu ca Australia (A-league). Kw'itariki ya 14 Munyonyo 2023, NESTORY yasinyiye gukinira umwe mu migwi ikomeye cane kw'isi wa Bayern Munich, akaba yasinye amasezerano y'imyaka ine yazotangura kuva itariki 1/07/2024. Twagiranye ikiganiro ciza na se wa NESTORY, Pasteur Gideon Rurandagaye, atubwira vyinshi ku buzima bwa NESTORY hamwe n'umuryango wiwe muri rusangi. Pasteur Gideon nawe yigeze kuba umukinyi w'umupira w'amaguru akomeye cane mu nkambi na Nduta hamwe na Kibondo mu myaka ya 2000. Mbega mu nkambi ya Nduta ubuzima bwiwe bwari bumeze gute? Mbega umwana wiwe NESTORY yiteguye gute gutangura gukinira umugwi wa BAYERN MUNICH? Mbega NESTORY yipfuza gukinira Uburundi, Tanzania canke Australia? Kurikira kino kiganiro wumve vyinshi mu vyaranze ubuzima bwa NESTORY. Ikaze mwese!

Comments